IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Mugoboka : Umugore n’umugabo bafatanywe ibitoki vyibwe mu (...)

Gitega-Mugoboka : Umugore n’umugabo bafatanywe ibitoki vyibwe mu mirima

lundi 26 février 2018

Amakuru ava aho ku mutumba wa Mugoboka, amenyesha ko hari haheze igihe kur’uwo mutumba hibonekeza ubusuma bw’ibitoki, abanyagihugu baca bafata ingingo yo gusaka, mu mihana bikeka.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko bamaze gusaka basanze mu nzu y’umugore azwi kw’izina rya MPERABANYANKA Pascasie ibitoki vyinshi vyibwe mu mirima itandukanye yo ku mutumba wa Mweya.

Abanyagihugu bo kur’uwo mutumba bavuga ko, uwo mugore yakora ubwo busuma afadikanije n’umugabo wiwe azwi kw’izina rya Frederic , uwo nawe bakaba bafatanye igihe uwo mugore yari yomoye umugabo wiwe wa mbere, uwo nawe akaba yahavuye yitaba Imana.

JPEG - 61.9 ko
Ferederiko, umugabo w’umugore yafatanywe ibitoki

Ayo makuru aremezwa n’umukuru w’umutumba Mugoboka Deo NSHIMIRIMANA aremeza yo makuru, akavuga ko kuri uwo mutumba hari haheze igihe hibonekeza ubusuma bw’ibitoki baca bafata ingingo yo gusaka, ari naho baca babifata.

Umukuru w’umutumba avuga ko, kuba babafashe ari igikorwa ciza, cakozwe n’abajejwe intwaro hamwe n’abanyagihugu, agahamagarira abanyagihugu kwama bakorana neza n’abajejwe intwaro mu gutuza ubusuma.

JPEG - 67.5 ko
Ibitoki vyafatiwe mu nzu ya Pascasie MPERABANYANKA

MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.