IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega : Umuntu umwe yitavye Imana, 4 bakomerekera mu gitero c’abitwaje (...)

Gitega : Umuntu umwe yitavye Imana, 4 bakomerekera mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

vendredi 1er juin 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro, gikorwa n’abasuma 4 bitwaje ibirwanisho.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, avuga kandi ko abo bantu bateye ibisasu ntezwantoki bitatu, mu mihana no mu bunywero bwo kur’uwo mutumba.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza avuga ko abakoze ico gitero bariko bararonderwa.

Amakuru ava aho I Bugendana, amenyesha ko abajejwe intwaro bahazindukiye, mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.