IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Urubanza rw’umugabo yagirizwa gushurashuza abana 16 rwahawe irindi (...)

Gitega : Urubanza rw’umugabo yagirizwa gushurashuza abana 16 rwahawe irindi sango

vendredi 3 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Urubanza rw’umwigisha w’i Gitega yagirizwa gushurashuza abana 16 rwahawe irindi sango, inyuma y’aho sentare nkuru ikukira intara ya Gitega isibije kuri uwu wa kane, kwumviriza uwo akekwako icaha, kuko atari afise uwumufasha kuburana. Abavyeyi b’abana bashurashujwe bavuga ko urwo rubanza rwari kuba rwaciwe ikibiriraho (flagrance).

Corneille Munyankindi, umugabo w’imyaka 59 yigisha kw’ishure rito ry’i Gitega rizwi kw’izina rya "La Bergeronnette" yagirizwa ko yashurashuje abana 16 bo mu myaka ya 4 na 5 yo kuri iryo shure.

Sentare nkuru ikukira intara ya Gitega yari yateguye kuburanisha urwo rubanza kuri uwu wa kane, ibitashoboye kuba kubera uwagirizwa icaha atari yazanye uwumufasha kuburana.

Abo bana bose bivugwa ko bashurashujwe uko ari 16 bari bazanwe muri Sentare baherekejwe n’abavyeyi babo hamwe n’umuyobozi w’ishure bigako, ibitashimishije abari bitavye urwo rubanza bavuze ko ari ukubahahamura, kuko bazokwama bafise isoni mu maso y’abababonye muri Sentare.

Urwo rubanza rwashizwe ku rindi sango, ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2017, Corneille Munyankindi nawe yagirizwa ico caha asubizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, aho asanzwe apfungiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.