IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > HCR igiye gufashanya n’ibiro vy’umuhuza kwitaho abarundi bahunguka

HCR igiye gufashanya n’ibiro vy’umuhuza kwitaho abarundi bahunguka

lundi 26 Munyonyo 2012

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yarakiriye mu biro iwe uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR mu Burundi Cathérine Huck. Hari ku wa 20 Munyonyo 2012.Inyuma y’uwo mubonano, Cathérine Huck yatubwiye ko bavuganye ibijanye n’abarundi batahuka bava mw’ikambi y’i Mtabila mu gihugu ca Tanzaniya, akaba yaratumiye umuhuza ko bojana i Makamba kuraba ingene abo barundi bakirwa. Ngo kari akaryo ko kwimenyekanisha kuko ari mushasha, akaba amaze amezi atatu gusa aje gukorera mu Burundi.

Umuhanuzi mu biro vy’umuhuza ajejwe ivyo kumenyesha amakuru, Didace Sunzu nawe yavuze ko mu vyo uwuserukira HCR ajejwe ategerezwa kuyaga n’abategetsi b’Uburundi kugira ngo baje inama n’ingingo y’ivyo bashobora gufasha ngaha mu Burundi na cane cane muri kino gihe hari impunzi z’abarundi bahora i Mtabila mu gihugu ca Tanzaniya bariko baratahuka, ishirahamwe HCR rikaba rifasha cane kuko ku musi hashika 1.500, hakaba hari hamaze gushika abangana 12.000.

Mu vyo bavuganye ngo harimwo ingene HCR ifasha abahunguka mu kubaha ibibabeshaho mu mezi atandatu. Kuri ico ngo baravuganye ko muri iyi ndwi dutanguye uno musi, canke akaryo kabonetse ariko mu gihe ca vuba bazogenda bajanye bakaraba aho izo mpunzi zishikira i Makamba, bakanabaha ikaze.

Ikindi bavuganye ngo ni uko ikigo ca HCR mu Burundi gisanzwe gikorana n’ibiro vy’umuhuza na cane cane mu kwubaka inzu; ngo baremeye kwubaka inzu z’abanyagihugu bo ku Mutambara muri komine ya Rumonge mu ntara ya Bururi kuko baheruka kubereka ibibanza bazokwubakamwo, HCR ikazofasha muri ico gikorwa co kwubaka.Ngo baremeranije ko na ntaryo bazoja baravugana ivyerekeye ivyo bofasha abarundi na cane cane abo bahunguka.


PBB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.