IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Human Right Watch yatunze agatoki Imbonerakure za CNDD FDD

Human Right Watch yatunze agatoki Imbonerakure za CNDD FDD

vendredi 20 Nzero 2017

Mu mugambwe CNDD FDD bariyamiriza icegeranyo cashikirijwe n’ishirahamwe Human Right Watch kivuga amabi akorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure, aho muri uyo mugambwe bavuga ko ivyo vyegeranyo atakindi bigamije atari ugurtyoza Uburundi ndetse n’urwo rwaruka.

Nancy Ninette Mutoni avugira CNDD FDD

Nancy Ninette Mutoni umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD avugako ivyo vyegeraanyo abavyandika batigera bashika mu Burundi kugire bandike ivyo baba biboneye. Amenyeshako urwo rwaruka rwambikwa ibara ari kazoza k’Uburundi, ndetse bakaba bari ku kivi mu kwubaka igihugu.

Mu cegeranyo ca Humana Rigt Watch co kuri uyu wa 19 Nzero uyu mwaka kikaba cemeza ko urwaruka rw’Imbonerakure rukora amabi menshi arimwo guhohotera agateka ka zina muntu, gusahura abanyagihugu bahunga, ndetse niyo igiporisi gitabajwe kikaba cirabira hirya nk’uko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga. Human Right Watch isaba akanama kajejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU guhana urwo rwaruka ndetse abakokeza, abanyeporitike canke abaporisi bagirizwa guha inkigi urwo rwaruka rwa CNDD FDD bagahanwa.

Muri iryo shirahamwe bakavuga ko ivyegeranyo vyabo bishirwa ahagaragara bibanje gutohozwa ndetse bikaba bishikirizwa n’amareta aba avurwa. Muri Human Right Watch bakavuga ko Reta y’Uburundi yo yamana ingendo yo kwiyamiriza ivyo vyegeranyo vyabo.


IGIHE

Messages

  • Anobakorera iryoshirahamwe HRW botubwira igihugu nakimwe bambitse ibara nkoryo maze kikavyenera?
    Murababaje ngwashaka guhunga ngobarabangamirwa!?
    Kuberiki mutavize muti harabarundi twashatse guha ivyobateza imbere mugihugu cabocu Burundi muti noneho imboberakure zirababangamira?
    Murabona ngomuravuga ngwabashaka guhunga ngobarabangamirwa mukibagira kwiraba ko imvugozanyu zinonyoma zibangamira uburundi nababubamwo!?.

  • Union Europeenne yo ngo irifuza ko abarindi bose bahinduka aba pedophile, homosexuals lesbienne. Gusa ibyo ntabwo aribyo abarundi bakeneye bizagume hakurya mu Rwanda kuko niho hari amabi ya Shetani. Nikimenyimenye umutoza w’amavubi(abakobwa) ni umutinganyi. Murumva ko abanyarwanda bateye imbere muri byose(ubutinganyi,inzara(Nzaramba,duhurirekumufungo,.. )

  • Ariko siko bikwiye kugenda .CDD-FDD ntikwiye kuca yiyamiriza ivyo vyegeranyo ahubwo baba bakwiye kugiringuvu mukugira amatohoza yivyo bagiriza imbonera kure hokwihutira kwiyamiriza!

  • Nous le peuple burundais nous sommes etonnes par les differents rapports du Human Right Watch et des autres organisation travaillant a l’echelle internationale parce qu’il est visible que ces organisations sont meconnues de la realite burundaise.Vous parlez des imbonerakures comme une autre categorie etrangere de la population burundaise. Si vous montez du mal aux imbonerakure, sachez que vous le faitiez a nous burundais, alors nous nous levons a l’unisson pour vous combattre’

  • Ubundi njye mbona imbonerakure ntaho zitaniye ninterahamwe Ni copy paste kbsa

  • Mbega igihe aba sans échec bakorera amabi abahutu iryoshirahamwe ryarihe?

  • @runyenzimabyi(proud to be rwandan). Ubwenge bwiwawe buri mukibuno nkubwaso wanyu Kagame Rukarabankaba...

  • Emwe mwa bakoloni hamwe n’abana babapfukamye Uburundi mu nda kuva bubaho, abo ntimurabona ko genocide mu Burundi yabaniye kandi izokwama ibananira ko mu yikora muri ico gihugu? Kore urundi rucuruzwa urwo nta bacliants rugifise. Gumize iryo shano mwama mururimba iwanyu naho hakuraya ya Kanyaru.

  • Urwanda hamwe na Belgique barifuriza u Burundi amabi gusa: genocide(itunga ry’urwanda,pedofilie ,homosexualite’,...)nibagumane itunga ryabo.

  • Nivyukuri ivyatanganjwe niryoshirahamwe HUMAN-Right Wtch nivyukuri!,kuko uburyo bariko barakora amabi mwikigihugu biteye isoni!, ni kiporisi ntanguvu kigisigaranye, kuko igi porisi gisigaye gitegekwa nimbonerakure. Nayo CDD FDD ntahizigera yemanga amabi akorwa nizombonerakure kuko nibo babatuma kugandagura abatari mwuwo muhari CDD FDD,canke agahorwa ubwoko bwiwe.

  • @mugenzi john urakoze gutukana biragaragara uburere ufite nta bitekerezo bizima ufite reka da ni amacakubiri gusa gusa hanyuma navuga ko ntaho mutaniye Ni nterahamwe ugapinga?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.