Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiciro vyo kuraba urukino hagati ya Olympic Star na El Hilal Obayid (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ibiciro vyo kuraba urukino hagati ya Olympic Star na El Hilal Obayid (...)

Ibiciro vyo kuraba urukino hagati ya Olympic Star na El Hilal Obayid vyamenyekanye

lundi 5 mars 2018

Amakuru dukesha Elysee NIYUBAHWE, umumenyeshamakuru akaba ari mu murwi utegura urwo rukino, amenyesha ko ibiciro vyo kwinjira kuraba urwo rukino bimeze uku gukurikira :

Mu bwugamo bw’iteka(VIP) kwinjira n’amafaranga 100,000 vy’amarundi, mu bwugamo A na B, kwinjira ni 20,000 vy’amarundi, mu bwugamo:C,D,E na F kwinjira ni 10,000 vy’amarundi, mu gihe ahadasakaye ari 5,000 vy’amarundi.

Kw’izina ry’umurwi utegura urukino, Elysee NIYUBAHWE amenyesha ko n’ibibanza bizogurishirizwamwo amatike, vyamaze kumenyekana , ivyo navyo bikaba biri mu ntara ya Ngozi n’intara ya Muyinga.

Kubwa Elysee NIYUBAHWE ari mu murwi utegura urwo rukino, amatike azotangura kugurishwa mu gitondo co ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 07/03/2018,I Muyinga, ni ku gituro c’imodoka imbere y’isoko k’umukenyezi yitwa Mutesi ; I Ngozi, ni kwa Claude(Messager):Imbere ya VGF,impande ya SMART,hepfo gato ya Volcano Express.

Ahandi hazogurishirizwa amatike mu ntara ya Ngozi, ni haruguru y’isoko yo mu Vyegwa,ahahurira ibarabara riva i Ngozi n’iriva i Nyamurenza(canke Gashikanwa) nko kuri 1 Km uja ku kibuga Urukundo, hamwe no kuri Centre Touristique Iwacu ni heza,hafi y’ibitaro vy’i Buye canke Lycée Buye.

Urukino ruzohuza umurwi Olympic Star wo mu Burundi na El Hilal Obayid wo muri Sudani, nirwo rukino rwa mbere mpuzamakungu rubereye mu ntara yo hagati mu gihugu. Imvo akaba ar’uko ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE cahora cakira izo nkino, kiriko kirasubirwamwo.

Mu nkino z’igice ca mbere ca Coupe de la conferation ku mugabane wa Afrika, umurwi Olympic Star wanganije na Etoile Filante wo muri Burkina Faso, ubusa ku bundi ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, mu rukino rwo gusubiriza umurwi Olympic Star uca utsinda Etoile Filante igitsindo kimwe ku busa, uwusanze I Ouagadougou.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.