Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibigwanisho vyatewe mu kiyaga c’Ubuyapani - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibigwanisho vyatewe mu kiyaga c’Ubuyapani

Ibigwanisho vyatewe mu kiyaga c’Ubuyapani

mardi 7 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Korea ya ruguru cateye ibisasu bine vyo mu bwoko bwa misile mu karere k’ikiyaga kegukira igihugu c’Ubuyapani, bivyura izindi ngorane.

Bitatu muri vyo vyaguye mu kirere Ubuyapani bwiharije mu vy’ubutunzi (EEZ) bikaba vyagenze uburebure bwi 1 000km, ivyabaye umushikiranganji wa mbere Shinzo akaba yavyise "intambwe nshasha y’iterabwoba".

BBC ivuga ko vyarasiwe mu ntara ya Tongchang-ri, hafi y’urubibe rw’Ubushinwa mu buraruko, niko igisirikare ca Korea yepfo cavuze.

Ntawuzi ubwoko bw’izo "missiles" zatewe ariko Korea ya ruguru yarabujijwe n’umuryango mpuzamakungu Onu gukora ibigeragezo ivyarivyo vyose vy’ibigwanisho vya "missile" canke vyo mu bwoko bwa "nucléaire".

Igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika munyuma cavuze co cabonye kandi ko cakurikiranye iryo tera ry’ivyo bigwanisho ariko mgo ntabwo vyari bibangamiye Amerika yo mu buraruko.

Umuvugizi mfatakibanza w’ubwo bushikiranganji Mark Toner yavuze mw’itangazo ati: " Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamirije ibitero vya "missiles" vyakozwe mw’ijoro, vyahonyanze ingingo z’akanama kajejwe umutekano ka Onu zihaniza Korea ya ruguru kurekura ibisase vyo mu bwoko bwa missile,"niko icegeranyo kivuga.

Ku munsi wa gatanu, ubutegetsi bwa Pyongyang bwaragabishije ko bushobora gutera za "missiles" mu kwihora ku myimenyerezo ya "Foal Eagle" iriko irakogwa hagati ya Korea yepfo hamwe na Amerika.

Korea ya ruguru ibona ko iyo myimenyerezo yoba ifise intego yo kwitegurira kuyitera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.