Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibitabu vy’inzira (Passeport) 12 vy’Uburundi vyafatiwe muri Tanzaniya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibitabu vy’inzira (Passeport) 12 vy’Uburundi vyafatiwe muri Tanzaniya

Ibitabu vy’inzira (Passeport) 12 vy’Uburundi vyafatiwe muri Tanzaniya

lundi 6 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umwigeme wo mu gihugu ca Tanzaniya yafatanwe ibitabo vy’inzira (passeports) 15 vyo mu bihugu bibiri bitandukanye. 12 ni ivyo mu Burundi, mu gihe bitatu ari ivyo mu gihugu ca Madagascar.

John MSUMULE akora mu giporisi kijejwe uruja n’uruza mu gisagara ca Dar Es Salaam yamenyesheje ko uwo mwigeme wo muri Tanzaniya yiyemereye ko abo bantu bene ivyo bitabu vy’inzira bari mu gihugu ca Kenya, kandi ko ivyo bitabu vy’inzira yabironse aciye ku wundi muntu, akaba yariko ategura gufashanya n’abo bakorana mu kubashiriramwo « Visa » kugira barungikwe mu gihugu ca Arabia Saoudite. Igiporisi ca Tanzaniya cikeka ko abo bantu boba bagira barungikwe mu bikorwa vy’urudandazwa rw’abantu baringikwa mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabane w’abarabu.

John MSUMULE avuga ko uwo mwigeme yaciye ashikirizwa ubutungane bwa Tanzaniya bumukurikirana ku caha c’ukuba afise ibitabu vy’inzira vy’abanyamahanga bari mu kindi gihugu.


IGIHE

Messages

  • Izo Passeports ni DD izitanga,ujinga mzigo, akari inyuma karahinda

  • ABARUNDI BAKWIYE KUZA BARIGA,KUVUGA NIVYO BANDIKA.IKIBAYE COSE,NGO DD.NGO NI MBONEKURE.IVYO TURABIMENYEREYE.BAZOVUGA BARUHE,NATWE TUGUME KUBIKORWA.IMANA NAYO,IGUME IHA UMUGISHA UBURUND.

  • IMANA UKWO YATANZE IBIMENYETSO KURI FARAWO NGO AREKURE ABISIRAYELI NIKO IMANA YEREKANA AKARENGANE KUBURUNDI MURI POLITIKE IZO PASIPORO ZISHOBORA NOGUKORESWA MUGUTEZA UMUTEKANO MUKE IGIHUGU TUSHIMYE POLISI YATANZANIYA KUTABERA KUBYAHA NKIBYO

  • IMANA UKWO YATANZE IBIMENYETSO KURI FARAWO NGO AREKURE ABISIRAYELI NIKO IMANA YEREKANA AKARENGANE KUBURUNDI MURI POLITIKE IZO PASIPORO ZISHOBORA NOGUKORESWA MUGUTEZA UMUTEKANO MUKE IGIHUGU TUSHIMYE POLISI YATANZANIYA KUTABERA KUBYAHA NKIBYO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.