Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiturire vyavuzwe mu matora y’umukuru w’igihugu wa Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ibiturire vyavuzwe mu matora y’umukuru w’igihugu wa Somaliya

Ibiturire vyavuzwe mu matora y’umukuru w’igihugu wa Somaliya

mercredi 8 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Indorerezi z’amatora muri Somaliya zitangaza ko ibiturire biriko biratangwa ku rugero rurenze, mu gihe kuri uwu wa gatatu ariho hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu.{}

Abakandida bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Somaliya baradomwako urutoke ko baha utuganuke canke bapfumbatisha amafaranga atari make abashingamateka kugira bazobatore.

Abakandida mirongo ibiri na batatu nibo bariko barahiganwa n’umukuru w’igihugu Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya, ariko arondera ikiringo kigira kane nk’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu azotorwa n’abashingamateka, baheruka gutorwa mu mwaka uheze w’2016, nk’uko tubikesha VOA.

Abdi Ismail Samatar, arongoye umurwi wigenga ujejwe kurwanya ibiturire muri Somaliya yatangaje ko ashobora gushira ahabona abariko baratanga n’abakira ibiturire.

Amakuru atangwa na bamwe mu bashingamateka avuga ko umukandida umwe yatanze umuriyoni 1,3 w’amadolari kugira azotorwe.

Abakandida baremerera kandi abashingamateka bazobatora ko bazobaha ibibanza muri Reta.

Igihugu ca Somaliya kizwi nk’igihugu gifise Reta yazingamitswe n’ibiturire kandi itagira inguvu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.