IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ’’Igikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari cabaye mu muco’’

’’Igikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari cabaye mu muco’’

mercredi 21 mars 2018

Yishura ku bibazo vy’abashingamateka, kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018, umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, yamenyesheje ko abigisha barenga 1000 bahinduriwe aho bakorera kuko aho bari vyaboneka ko ata kazi kahari.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ko atari abigisha gusa bahinduriwe aho bakora, kuko hari n’abakozi basanzwe mu bushikiranganji bavanywe aho bakora baja gufasha ahari habuze abigisha.

Umushingamateka Therence MANIRAMBONA yari yateguye ibibazo vyabajijwe umushikiranganji, yerekanye amakenga ku myidogo y’abigisha bamwe bavuga ko barenganijwe mu kurungikwa aho bakorera, bafatiye aho bafise imiryango.

Abandi bashingamateka bagarutse ku bukene bw’abigisha bukibandanya kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’igihugu, aho mbere berekanye n’amakenga ko n’abakutsakivi (vacataires) batacemwe.

Abashingamateka bavuze ko aba bakutsakivi, ari ngirakamaro, kuko bafasha abanyeshuri baba bakeneye gukurikiranwa, mbere hamwe abavyeyi akaba aribo bari bemeye kwitunganya kugira babahe agashirukabute.

Kuri ayo makenga, umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yishuye ko amategeko agenga abakozi ba Reta atomoye, kandi ko nk’umushikiranganji, ata tegeko yigeze asohora ribuza abakutsakivi.

JPEG - 130.1 ko
Janvière NDIRAHISHA, Umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yishuye ati : « Mu mategeko ya Reta, ntaho vyanditswe ko umukozi akora aho aba, ahubwo akora ahari akazi. »

Igikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari caravuzweko vyinshi, aho amasendika y’abigisha yerekanye ko habayemwo utunenge, ariko mu murwi w’ubushikiranganji wari ujejwe ico gikorwa, bakaba bagumye bemeza ko ico gikorwa cakozwe mu muco.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Nyakwubahwa mushikiranganji igikorwa mwakoze cari ciza ubwaco kuko nta mwana n’ikinono amashuri yose akwiye kuba afise abigisha bakwiye. Ariko rero kuvuga ko vyabaye mu muco ntawobiha agaciro cane, kuko imyidogo mu bigisha bamwe bamwe irabandanya ko batandukanijwe n’imiryango yabo aho usanga bategerezwa kuba mu ngo zibiri, rumwe ruri ahari abana urundi rukaba aho akorera. Muzobibona nyakwubahwa mushikiranganji muciye mu Kamenge kuri gare du Nord aho bita kw’ibuye,mukahasanga abigisha bagiye kwigisha mu za Bugarama bavuye i Bujumbura, bama bagonze urutoki barondera uwubunguruza kuko n’agashahara baronka ari intica ntikize. Mwibuke ko aho mugeze aribo bahabashikanye agashahara kabo kisununure gutyo bashobore kubaho neza. Mbega umwimbu ku bana woba mwiza gute bigishwa n’abigisha batagira umunezero mu buzima ? Nyakwubahwa abigisha mubarenganure. Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.