IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Igipolisi cafashe abasuma bane harimwo abasirikare babiri

Igipolisi cafashe abasuma bane harimwo abasirikare babiri

vendredi 16 Munyonyo 2012

Abasuma bane bafise inkoho bafashwe n’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa kane ku mugoroba bariko bashaka kwiba ku nzu y’ubudangaji (Alimentation) iri muri kagari ka Mutanga. Muri bo harimwo abasirikare babiri b’igihugu.

Hari isaha zitandatu z’umugoroba ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi aho abasuma bane bafise inkoho baja kwiba muri Alimentation muri kagari ka Mutanga Komine Gihosha mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu bababonye baca babwira igipolisi.

Umuvugizi w’igipolisi Eliya Bizindavyi yagize ati: "Twaciye dutangura kubakurikira kuva izo saha gushika aho tubafata n’inkoho zabo, twabasanze aho binyegeje muri komine Cibitoke ibarabara rya kabiri inyuma y’umutaga kuri uyu wa kane". Yongeye avuga ko muri abo basuma harimwo abasirikare babiri bafise ipete ry’ibisongerezi bakorera mw’ikambi yo muri komine ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura.

Bafatanywe inkoho zitatu harimwo zibiri zo mu bwoko bwa kalachnikov n’iyindi yo mu bwoko bwa pistolet, ibikono bitatu vy’amasase vyuzuye amafaranga ya magendu y’amadorari hamwe n’umwambaro w’igipolisi. Bafatanywe kandi imodokari bahora bakoresha mu kwiba.

Igipolisi kirashimira abanyagihugu batanze inkuru hakiri kare kugira abo basuma batabwe muri yompi. Eliya Bizindavyi yagize ati: "Iyo hataba ubukerebutsi bw’abanyagihugu batabaje hakiri kare hanyuma natwe tugakoresha ubuhinga bwacu, abo basuma ntibari gufatwa".

Naho biri uko, igipolisi kiremeza ko abo basuma atari irya mbere bagirwa n’icaha nk’ico, mbere baheruka kurekurwa n’ubutungane ivy’agateganyo kubera bakekwako kwiba umuntu ava mu gihugu c’Uburusiya amafaranga arenga ibihumbi amajana abiri y’amadorari y’abanyamerika, ni hafi ayarenga gato imiriyoni amajana atatu y’amafaranga y’amarundi.

Umuvugizi w’igipolisi yikekako boba batanga igiturire kugira barekurwe. Abanyagihugu twaganiriye barashima ico gikorwa c’igipolisi ariko basaba ko abo basuma bohanwa hisunzwe amategeko kugira ngo ubusuma butuzwe mu gisagara ca Bujumbura.

Foto: CS Monitor


Niyonkuru Pierre Claver

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.