IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi kirashima uko umutekano wari wifashe mu mpera (...)

Igiporisi c’Uburundi kirashima uko umutekano wari wifashe mu mpera z’umwaka

mardi 2 janvier 2018

Pierre NKURIKIYE avuga ko ubushikiranganji bw’umutekano bwashitse kw’ihangiro bwari bwihaye ryo gucungera umutekano mu minsi mikuru irangiza umwaka,kuko ata kintu na kimwe kidasanzwe mu bijanye n’umutekano cibonekeje muri ino minsi mikuru ya Noweri n’umwaka mushasha.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ariko, ko naho igikorwa co gucunga umutekano cagenze neza mu gihugu cose, aho cagumye gitekanye habaye utuntu duto duto nk’amasanganya mu mabarabara.

Mu bushikiranganji bw’umutekano bavuga ko ingingo zari zafashwe kugira hakomezwe umutekano mu mpera z’umwaka ,zizobandanya bivanye n’ukungene hazoba hameze kugira umutekano ukomeze kwiyongera gusumba uko vyari bimeze.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.