IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi cemeza ko hari ivyaha vyiyongereye mu kwezi kwa Mukakaro

Igiporisi cemeza ko hari ivyaha vyiyongereye mu kwezi kwa Mukakaro

jeudi 3 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Myandagaro 2017, kugira abamenyeshe ivyaranze umutekano mu kwezi kwa Mukakaro 2017, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko mu kwezi kwa Mukakaro umutekano wiyongereye kuko hakozwe ivyaha 151 mu gihe mu kwezi kwa Ruheshi hakozwe ivyaha 621.

Muri ico kiganiro umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yavuze ko mu bijanye n’ubwicanyi ivyaha vyavuye kuri 37 bija kuri 31, ubusuma bukabije bwavuye ku gitigiri ca 352 buja kuri 26, gufata abantu ku nguvu vyavuye kuri 67 muri Ruheshi bija kuri 7 gusa muri Mukakaro, mu gihe ivyaha bijanye n’amabi afatiye ku gitsina vyavuye kuri 57 muri Ruheshi bija kuri 12 muri Mukakaro 2017.

Naho hari ivyaha vyagabanutse urugero vyakozweko, hari n’ibindi vyaha bimwe vyiyongereye, nko gutera ibisasu ntezwantoki (grenades), guturira imiriro ya nyakanga, kwiyahura hamwe n’imitego yatezwe ku mabarabara.

Mu bijanye no gutera ibisasu ntezwantoki, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yavuze ko gutera ivyo bisasu vyibonekeje incuro indwi mu kwezi kwa Mukakaro, mu gihe muri Ruheshi vyari vyashitse rimwe gusa.

JPEG - 109.9 ko
Pierre NKURIKIYE,umuvugizi w’igiporisi

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, yavuze ko mu kwezi kwa Myandagaro, ubushikiranganji bw’umutekano buzokora butiziganya mu kurwanya igiturire, urudandazwa rwa magendo, kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha, hamwe n’ukurwanya urudandazwa rw’ibiyayuramutwe n’ibinyobwa bitemewe n’amategeko.

Petero NKURIKIYE avuga ko igiporisi kizokwama kimenyesha uko umutekano wifashe uko ukwezi gutashe, kugira abanyagihugu bamenye ivy’umutekano wabo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.