IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ikigo ISTEEBU kirabeshuza ko atabakozi baco batera umugera wa (...)

Ikigo ISTEEBU kirabeshuza ko atabakozi baco batera umugera wa Sida

Sunday 19 August 2018, by vianney

Mw’ikete ubuyobozi bw’ico kigo ryasohotse rimenyeshako amakuru yaciye k’urubuga ngurukana bumenyi whatsaap avuga ko hari abakozi baco batera umugera wa Sida iyo bagiye kurondera ibiharuro ari ibinyoma biba bifise intumbero yo gucafuza no kwonona ishusho y’ico kigo.

Muriryo kete ikigo ISTEEBU kivuga ko kiza catanguye amatohoza kugira kimenye icatumye uwatanze ayo makuru y’ibinyoma abikora n’icoba cinyegeje inyuma yaco.

Ico kigo giheraheza kimenyeshako kizobandanya gukora ibikorwa kijejwe cisunze amategeko kugira giterere mw’iterambere ry’igihugu.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.