IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Impanuro z’igiporisi ku bantu bihutira kuvoma igitoro iyo imiduga igize (...)

Impanuro z’igiporisi ku bantu bihutira kuvoma igitoro iyo imiduga igize isanganya

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi abishikirije mu gihe kuri uwu wa kabiri, abanyagihugu bagera kuri 50 bo muri komine Shombo, mu ntara ya Karusi bahiye bariko bagerageza kuvoma igitoro c’imodoka yariko iracunguruza yagize isanganya iratembagara.

Impanuro igiporisi gitanga n’uko abantu babonye amasanganya ku miduga yunguruza igitoro abaye ko batosubira kwirukira kuja kuvoma kuko igitoro muri ayo masanganya gica caka umwanya n’umwanya.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi : "Ahubwo abantu bofasha kuraba ko nk’abantu baba bari muri iyo modoka, baba ari na bake, usanga ahanini ari nk’abashoferi babiri na barya bandi baba bari kumwe nka babiri, bakaraba ko hari uwoba yababaye kugira bamutabarize, bamufashe. Ariko ivyo kwirukanga kuja kuvoma ico gitoro bakavyirinda, kuko urabona nk’ivyaraye bishitse ko ari ibintu biteye agahinda cane."

JPEG - 72.8 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuntu umwe niwe amaze kumenyekana ko yapfuye, abashika 50 nabo barakomereka mw’isanganya ry’imodoka itwara igitoro ryabereye ku mutumba Kigarama, zone Nyabibuye,komine Shombo mu ntara ya Karusi ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2017. 15 muri abo 50 nibo bakomeretse cane, nk’uko vyemezwa na Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi.

Amakuru ava aho mu Kigarama amenyesha ko iyo modoka yatembagaye abanyagihugu baca baja kuvoma igitoro, ariko ica ifatwa n’umuriro irasha, ari naho abo bari baje kuvoma ico gitoro bahiriye.

Musitanteri wa komine Shombo, Pierre Claver KANTAZI avuga ko bamwe mu bakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi, abandi batwarwa kw’ivuriro ritoya ry’i Nyabibuye.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.