IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Inama nkenguzamateka yemeje itegeko rigenga iyinjira ry’Uburundi mw’ibanki (...)

Inama nkenguzamateka yemeje itegeko rigenga iyinjira ry’Uburundi mw’ibanki AFREXIMBANK.

mardi 17 avril 2018

Serges NDAYIRAGIJE yamenyesheje ko Uburundi buzoharonkera akunguko biciye muri iyo banki, na cane cane mu kuronka uburyo buzofasha gushira mu ngiro imigambi y’iterambere izoba yashizwe imbere.

Bimwe mu bibazo vyabajijwe n’abakenguzamateka vyari bijanye no kumenya ijambo Uburundi buzoba bufise muri iyo banki hamwe no kumenya imigambi ubu Reta iriko ikorerako kuko umugambi wa CCLP 2 waheze.

Umushikiranganji Serges NDAYIRAGIJE yavuze ko Uburundi buzoba bufise ijambo muri iyo banki nk’ibindi bihugu biyihurikiyemwo kandi Reta itahagaritse ishirwaho ry’imigambi kuko hariho umurwi ujejwe imigambi y’iterambere ry’igihugu.

Iryo tegeko rigenga iyinjira ry’Uburundi muri iyo banki y’ubudandaji yemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 39 kuri 39 muri abo hakaba harimwo 4 bari batumye.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.