IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Inzoga y’umurundi John Chris yahawe agashimwe muri World Selection 2018 of (...)

Inzoga y’umurundi John Chris yahawe agashimwe muri World Selection 2018 of Beers, Waters and Soft Drinks

vendredi 25 mai 2018

Ico kinyobwa catumye umurundi John Chris ahabwa agashimwe, citwa FLO58, kikaba kandi caratowe ngo gikoreshwe mw’ihimbazwa ry’isabukuru y’imyaka 60 y’ihayanishwa Expo58, yabereye I Bruxelles mu Bubirigi, muri uno mwaka.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, John Chris yanditse avuga ko iteka n’umunezero, kuba ashoboye kwerekana igikorwa yari amaze imyaka akora, kandi ko ari umwimbu w’igikorwa c’igihe kirekire.

John Chris yanditse avuga kandi ko bihimbaye guhabwa agaciro no gushimirwa kubera igikorwa wakoze, akavuga kandi ko ari mu muryango, mu gihugu, mu bagnezi, mu bo bakorana, no mu bigisha yakuye ubumenyi ari naco gituma abashimira.

John Chris avuga ko ako gashimwe agatuye urwaruka na cane cane rwo mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika, rwisanga ata kazi rufise kubera akazi gatangwa mu karenganyo.

Avuga ko ivyipfuzo vyiwe, ar’uko urwaruka rwo ku mugabane wa Afrika rwofatira kuri we, kandi ntibihebure mbere bakabandanya kugira bashike ku ndoto zabo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.