IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > We n’ibikorwa vyiwe > Ibishasha ni ibihe muri Fondation FEMIDEJABAT ?

Ibishasha ni ibihe muri Fondation FEMIDEJABAT ?

Wednesday 1 August 2018, by vianney

Mu kiganiro ikinyamakuru IGIHE caragiranye nawe, ku bibazo bimwe bijanye n’igikorwa c’ukwandika Rumaramazinda y’agahogo k’Abarundi (Encyclopédie de la Musique Burundaise).

IGIHE : Mu migambi yihutirwa iza imbere y’iyindi ya foundation femidejabat, twarabonye ko harimwo ugutegura Rumaramazinda y’agahogo k’Abarundi. Mwoshora kutubwira aho igikorwa mukigejeje ?

Tabu Abdallah MANIRAKIZA: Murakoze kubaza ico kibazo. Muri iki kiringo twabanje kwegeranya amakuru yose yokenerwa kugira ngo iyo Rumaramazinda yandikwe mu buryo bunogangije.

Igice kinini c’iyo Rumaramazinda kizoba kigizwe n’abo bose bagize uruhara mu muziki w’Uburundi, nkaba ntarinze kubavuga amazina. Kwegeranya rero ayo makuru yose bisaba kwubaka ikigega mbitswamakuru co mu buhinga bwa none (base de données), ico na co kikaba gisa n’aho carangiye kuko aho mperukira i Burundi twarakigarageje dusanga gikora neza cane. Muri uyu mwanya, tumaze kwegeranirizamwo abaririmvyi barenga 400 be n’imigwi icuraranga ishika 120 hamwe rero n’indirimbo z’abarundi zigera ku gihumbi.

Uravye ivyo bitigiri urabona ko impinga ikiri ndende. Kukaba nkako kuko igikorwa nyezina co kwegeranya ivyo dukeneye kitaratangura neza kubera ko tukirindiriye gusinya amasezerano yo gukorera hamwe n’Ubushikirangaji bw’Imico kama imbere y’uko vy’ukuri dutangura isekeza ridasanzwe ryo kuvyegeranya.

IGIHE : None mwiteguriye gute kwegeranya ayo makuru yose ko tubona abaririmvyi b’abarundi basabagiye mu Burundi bwose no ku buringanire bwose bw’isi?

Tabu Abdallah MANIRAKIZA : Kubera ko ico kigega mbitswamakuru ubu kiriko kirakora neza, kwegeranya ayo makuru mu ntara be n’amakomine atandukanye y’Uburundi bizokworoha na cane cane kubera ko tuzobifashwamwo n’urukaratasi abagenderezi bacu bazokwiza hose maze bakarwuzuza babifashijwemwo n’abarongozi bo muri ako karere bazoba bariko barakoreramwo.

Ku bijanye naho n’abaririmvyi bari mu mahanga, urwo rukaratasi ruzoshirwa ku kibanza cacu ngurukanabumenyi hanyuma amakuru tuzotororokanya tubanze kuyihweza neza mbere yo kuyabika muri ca kigega mbitswamakuru.

IGIHE : Mwoshobora kuducira ku mayange ibikorwa vyaranguwe aho muherukira mu Burundi?

Tabu Abdallah MANIRAKIZA : Intumbero nyamukuru kwari ukwugurura icese ibiro vyishirahamwe ryacu. Ni ku bw’iyo ntumbero hatumweko abaduserukira mu ntara zose, abo na bo bakaba baritavye ako kamo kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2018.

Kari n’akaryo ko kwereka abahurikiye muri fondation yacu porogarama nkoreshabumenyi yo muri Ordinateur ndiko ndategura izodufasha mu bikorwa vyacu vya misi yose harimwo n’igikorwa kijanye no gucungera ubutunzi hisunzwe ukuntu amategeko yo mu Burundi abisaba.

Ubwa nyuma naho, kari akaryo keza ko kuraba ko Iradiyo na Televiziyo vyacu bikorera ku ngurukanabumenyi bikora neza ukuri kwamye. Aka kanya nyene, iyo Radiyo ikora amasaha 24 kuri 24 kandi twarashoboye gusohora amakuru y’ikibiriraho umusi twugurura ibiro vyacu. Ku musi na wo wahariwe Abarundi baba mu mahanga, naho nyene twaragerageje ivyuma vyacu ku bijanye no kurungika amasanamu ikibiriraho kandi vyaradukundiye. Abanywanyi bacu bari mu mahanga barashimye.

IGIHE : Tabu Abdallah MANIRAKIZA, usanzwe uri Umukuru wa Fondation FEMIDEJABAT turagushimiye

Tabu Abdallah MANIRAKIZA : Nanje ndabashimiye


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.