IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > We n’ibikorwa vyiwe > Miss Bernice asaba abafise ingabire kuzitaho

Miss Bernice asaba abafise ingabire kuzitaho

mardi 6 février 2018

Ico giteramo cari categuwe n’ikigo ndangakaranga c’abafaransa (IFB) gifadikanije na Miss Burundi 2017, kibera mu kigo ndangakaranga c’abafaransa (IFB), mu gisagara ca Bujumbura.

Miss Annie Bernice avuga ko ico giteramo yahisemwo kwifadikanya n’ikigo ndangakaranga c’abafaransa mu ntumbero yo kubandanya umugambi wiwe wo gufasha abafise impano zitandukanye, ngo baje ahabona, gutyo bashobore guteza imbere impano zabo ntizibapfeko ubusa.

Muri iyo ntumbero, Annie Bernice amenyesha ko yahisemwo guhamagaza abakiri bato bafise impano ko bokwifata amasanamu yerekana ivyo bashoboye, bakamurungikira gutyo abatorwa bakifatanya n’umurwi the Magic Guards hamwe na Arc en Ciel mu giteramo.

Abashoboye kuronka amahirwe ni Buntu Olof ava mu ntara ya Gitega, akaba ari umusore anonotse cane, hamwe na Nyamate Janvier, afise impano zo gukinisha inkofero zishika umunani akoresheje inkokora n’ibindi bihimba vy’umubiri.

Ephraїm SIMBARUHIJE, atwara umurwi Arc en Ciel amenyesha ko impano yiwe imufitiye akamaro kanini.

Ephraїm avuga ati :« Ukugira impano ni kimwe, ukuyitaho naho ni ikindi.Jewe impano yanje ndayitaho cane.Gushika uno munsi , jewe ntakindi kintu kimbeshejeho, nije mfasha abo tuvukana mu vya nkenerwa vy’ishuri.Jewe ndabifata nk’akazi. »

Ephraїm SIMBARUHIJE, co kimwe na Miss Annie Bernice bahimiriza abakiri bato bafise impano zitandukanye, kudafata minenerwe ingabire basanganywe.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.