IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ishirahamwe ATRABU risaba ko impusha zo kugendesha imodoka zotangwa (...)

Ishirahamwe ATRABU risaba ko impusha zo kugendesha imodoka zotangwa hisunzwe imyaka y’amavuka

lundi 18 Nyakanga 2017

Charles NTIRAMPEBA arongoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu mu Burundi amenyesha ko umwuga wo gutwara abantu ukwiye gukorwa n’abantu bize neza kugira biborohero gushira mu ngiro ibijanye n’ubutabazi bwa mbere.

Mw’ishirahamwe ry’abunguruza abantu mu Burundi ATRABU bamenyesha ko bagiye gushiraho amashuri yigisha abasanzwe bafise impusha zo gutwara imodoka amategeko n’ubuhinga bwo gutanga ubutabazi bwa mbere.

Charles NTIRAMPEBA ari kandi mu baronkejwe inyigisho zijanye n’ubutabazi bwa mbere n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge, amenyesha ko inyigisho bahawe bagiye kuzishikiriza abanywanyi b’ishirahamwe arongoye.

Ku ruhande rw’igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara PSR, icegera c’uwurongoye ico giporisi asigura ko imbere yuko batanga impusha zo kugendesha imodoka abazihabwa babanza kwigishwa mu mashuri yigisha amategeko n’ubuhinga bwo gutwara imodoka.

Mu giporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara basaba abagendesha ivyunguruza abantu n’ibintu gushiramwo inguvu bakarondera ibikoresho bifasha mu butabazi bwa mbere.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.