IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isirayeri : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirugurura ubuserukizi i (...)

Isirayeri : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirugurura ubuserukizi i Yerusaremu

lundi 14 mai 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abategetsi bo mu nzego zo hejuru muri Amerika baza kuba bari muri ivyo birori vy’uyu munsi, harimwo umukobwa w ‘umukuru w’igihugu Donald Trump Ivanka hamwe n’umugabo wiwe Kushner.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko benshi mu bategetsi b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bataza kwitaba ivyo birori, vyo kwinjira ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Yerusaremu.

Ingingo ya Trump yo kwimura ibiro nserukiragihugu vya Amerika abivana i Tel Aviv yarashavuje abanye Palestina bavuga ko akarere ka Yerusaremu yo mu buseruko ari wo murwa mukuru wabo.

Isirayeri yigaruriye ako karere ko mu buseruko bwa Yerusaremu mu mwaka w’1967 mu ntambara yo mu burasirazuba bwo hagati, ikaba ivuga ko ico gisagara ari icayo kandi kitagabanije.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.