IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel : Inyuma ya Amerika na Guatemala,Paraguay cimuriye ibiro (...)

Israel : Inyuma ya Amerika na Guatemala,Paraguay cimuriye ibiro vy’uwugiserukira i Yerusaremu

mardi 22 mai 2018

Umukuru w’igihugu ca Paraguay Horacio Cartes hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu bari bishikiye mu birori vyo kwugurura ivyo biro vy’uwuserukira Paraguay muri Israel.

Mu mpera z’indwi iheze,Eladio Loizaga avugira Reta ya Paraguay yamenyesheje ko ingingo yo kwimura ivyo biro biva I Tel Aviv bija I Yerusaremu, yafashwe inyuma yaho umukuru w’igihugu ahishikiye akabona ko muri ico gisagara ariho abaserukira ibihugu vyabo muri Israel batangira impapuro zibemerera guhagararira ibihugu vyabo kandi akaba ariho hari icicaro c’umushikiranganji wa mbere wa Israel ndetse n’ingendo abakuru b’ibihugu bakora akaba ariho zibera.

Umushikirangannji wa mbere w’igihugu ca Palestine Rami Hamdallah yariyamirije iyo ngingo y’igihugu ca Amerika yo kwemeza ko Yerusaremu ari umurwa mukuru wa Israel, ndetse bakimurirayo ibiro vy’uwubiserukira muri Amerika.

Rami Hamdallah yavuze ati :“Ingingo ya Donald Trump yo kwemeza Yerusaremu nk’umurwa mukuru wa Israel ni ukurenga bimwe bikomeye amategeko mpuzamakungu. ”

Abanyapalestine bariyamiirije iyo ngingo, bavuga ko Yerusaremu atari ubutaka bwa Israel.

Igisagara ca Yerusaremu gifatwa nk’igisagara ceranda c’abayahudi ibihugu vyinshi bigashikiriza ko abisiramu hamwe n’abakirisu bakwiye gufata ingingo hamwe kuvyerekeye ico gisagara biciye mu masezerano y’amahoro.

Paraguay kibaye igihugu ca gatatu cimuye ibiro vy’uwubiserukira muri Israel inyuma y’ibihugu vya Amerika na Guatemala.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.