IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Intwaro ibereye > Itegeko ribuza ikoreshwa ry’ubusashe n’ibindi bitekezo vyo mu kamwanya (...)

Itegeko ribuza ikoreshwa ry’ubusashe n’ibindi bitekezo vyo mu kamwanya ryasohowe

Monday 13 August 2018, by vianney

Mw’itegeko inomero 100/099 ryo kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2018 rimenyeshako ukwinjiza mu gihugu , ugukora ,ugushingura,ukudandaza hamwe no gukoresha amasashe yose hamwe n’ibindi bitekezo bikozwe mu kamwanya bibujijwe.

Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu rivuga ko urutonde rw’intango rw’ibikoresho birekuriwe kudakurikiza iryo tegeko ni nk’imifuko canke ubushashe bukozwe mu kamwanya bishobora kubora,ibikoresho bikozwe mu kamwanya bikoreshwa kwa muganga hamwe n’ibikoresho bikozwe mu kamanya bikoreshwa mu mahinguriro no gutekera imiti.

Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu ribandanya rivuga ko uwuzoba yipfuza gukora,kudandaza,gukoresha isashe canke igikoresho gikozwe mu kamwanya ategerezwa kubisaba abicishije mu rwandiko yandikiye umushikiranganji ajejwe ibidukikije.

Ikiringo c’amezi 18 nico gitanzwe kugira iyi ngingo itangure gushirwa mu ngiro mu kurundira ko ibikiri mu bubiko hamwe n’ivyakozwe bihere kudandazwa canke gukoreshwa.


IGIHE

Forum posts

  • Iryo tegeko rije hagez kuko amasashe arabangamiye ibidukikije.None amasashe nakurwa hazoca haza harakoreshwa iki?.

  • nukur ivyonukur nibabikure kuko imicafu yamashashe nimenshi

  • Jew mbona amasashe aho aguye ntihasubira kumera muyakuye mwoba mukoz nkurunziza yiyumviye kobokoresha iki?kamasashe ayakuye jew gusa ndabishimye isashe ziragisibije igihugu cacu

  • Ubwanje Uko Nikwanka Abenegihugu Ubu Muhengaye Ishashi Zaba Kujije Muje Kuzirwanya A Barundi Babaveye

  • Abarundi ntavyo bishoboreye,DD ni abanyamwanda cane gose

  • Eg Ivy Nivy Mugab Isash Zoroh Guteker, Non Ibizoz Biteker Nkaz N,iki?

  • Ku bwanje itegeko ryari ryiza ariko ntirizoja mu ngiro ku mvo zitatu:
    - Abantu baramenyereye isashe kuva kera ku buryo bazi ko itekera ibintu neza kurusha ibindi bitekezo;
    - Abarundi barazi ubuhinga bwo kudakurikiza amategeko (nko mu kurindira akanya gato akaba nk’ayibagiwe) kandi ubutegetsi nabwo ntibuteba kuyibagira, canecane iyo hagiyemwo igiturire;
    - Itegeko uko ryanditswe ririyaka ububasha mu gihe ritegekanya ko uwushatse wese gukora no gukoresha isashe ashobora kubisabira uruhusha ku mushikiranganji w’ibidukikije. Aha rero harashobora kwikika igiturire, igihagararo (ca politique canecane, ndetse n’izindi nyungu nk’ubushuti ku mushikiranganji).

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.