IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Jabe : Umwigeme yatowe ikiziga mu nzu y’umusore bari bamye barasangira

Jabe : Umwigeme yatowe ikiziga mu nzu y’umusore bari bamye barasangira

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe bivugwa ko umwigeme Amissa yari yagorobeje hamwe n’umusore Claude basangira agacupa ahantu bari kumwe na musaza wiwe w’uwo mwigeme yishwe, bukeye uwo musore yahavuye ahamagara ab’iwabo n’uwo mwigeme ababwira ko boja gutora ikiziga c’umwana wabo.

Abo mu muryango w’uwo mwigeme bamenyesha ko basanze ico kiziga imbere y’igitanda c’uwo musore, akaba yabahamagaye kw’iterefone akoresheje inomero zo mu gihugu kibanyi ca Congo.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko atakintu na kimwe cerekana ko uwo mwigeme yoba yanizwe canke yafashwe ku nguvu.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi amenyesha ko amatohoza yatanguye. Uwo musore Claude avuka mu Buyenzi kw’ibabara ry’indwi


Huguette NKURUNZIZA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.