IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubutunzi > Iterambere > Jean CIZA : «Abakorera mu gisata c’Uburimyi n’ubworozi bagiye kuronswa amadeni (...)

Jean CIZA : «Abakorera mu gisata c’Uburimyi n’ubworozi bagiye kuronswa amadeni »

Thursday 8 November 2018, by vianney

Mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu yatunganije kuruno wa kane igenekerezo rya 8 Munyonyo 2018,Jean CIZA yavuze ko ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho uburyo bwo kuronsa amabanki atandukanye hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kugira nayo azoshikirize ubwo buryo abantu bakeneye amadeni basanzwe bafise imigambi itanduka ye mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi.

Jean CIZA yavuze ati : «Tugiye gufasha abantu bahora batinya gufata amadeni kandi wasanga bafise imigambi y’iterambere abo nabo tugiye gufasha kugira baterere mu guteza imbere igihugu. »

Uyo mukuru w’ibanki nkuru y ’igihugu yavuze kandi ko abahora bafise impungenge ko abari mu burimyi n’ubworozi badashobora gufata ideni kubera badafise ababashigikira mu buryo,ko bagiye gukorana n’amabanki kugira bafashe gushigikira abakorera murivyo bisata mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bw’igihugu biciye mu burimyi n’ubworozi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.