IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Microfinance KAZOZA FINANCE yuguruye ishami rya gatandatu i (...)

Microfinance KAZOZA FINANCE yuguruye ishami rya gatandatu i Bujumbura

vendredi 16 Ruheshi 2017

Mu birori vyatunganijwe vyo kwinjira ikibanza kigira gatandatu ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance rikoreramwo, no guhimbaza imyaka itanu iheze ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana Kazoza Finance rimaze rikorera mu Burundi, umukuru w’urwego nshingwantwaro NIKONDEHA Claude yamenyesheje ko bagitangura kwiyumvira gushing Kazoza Finance biyumviriye ku bakeneye gufashwa cane mu bijanye n’amabanki.

Claude NIKONDEHA yamenyesheje ko Kazoza Finance ifise abayitura bashika 15000 kandi itanga ingurane kuva ku muliyoni umwe gushika ku miliyoni 200 z’amarundi.

JPEG - 81 ko
Claude NIKONDEHA umukuru w’urwego nshingwantwaro

Mu migambi ya kazoza, Claude NIKONDEHA arongoye urwego nshingwantwaro rwa Kazoza Finance yavuze ko, bipfuza ko mu myaka itanu iri imbere Kazoza Finance yoba imaze kwugurura aho ikorera mu gihugu cose.

Mw’ijambo ryiwe uwaserukiye umuyobozi w’Ibanki Nkuru y’Igihugu BRB, NYOBEWUMUNSI Alphonse yavuze ko bashima ibikorwa vya Kazoza Finance ,kuko bisunze amafaranga abikwa n’ingurane batanga ku babitura biboneka neza ko bitera imbere cane.

JPEG - 139.6 ko
Uwaserukiye umuyobozi w’Ibanki Nkuru y’Igihugu BRB, NYOBEWUMUNSI Alphonse

NYOBEWUMUNSI Alphonse yavuze ko Ibanki Nkuru y’Igihugu izobandanya gushigikira ishirahamwe Kazoza Finance.

Yavuze ati:«Ibanki Nkuru y’Igihugu BRB izobandanya kubashigikira no kubafasha, mu bijanye no kubemerera gushinga amashami aho hose muzoshaka

Freddy MBONIMPA: «Igikorwa ca Kazoza Finance ni ico gushigikirwa»

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yari yaserukiye Reta muri ivyo birori, arashima cane ibikorwa vya Kazoza Finance,akamenyesha ko umuntu wese azana ibikorwa nk’ivya Kazoza Finance ari uwo gushigikira ,kuko vyerekana ko igihugu ari nyabagendwa.

JPEG - 157.2 ko
mukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA

Freddy MBONIMPA yavuze ko abafise imigambi myiza nk’iya Kazoza Finance yo guteza imbere igihugu n’abanyagihugu Reta izobashigikira.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura agahamagarira ababa mu gisagara ca Bujumbura, na cane cane ababa hafi y’isoko ya Kinindo ahuguruwe ishami rigira 6 rya Kazoza Finance mu gisagara ca Bujumbura kuza gusaba ingurane muri Kazoza Finance kugira biteze imbere, ariko bame bibuka kuriha kuko iyo barishe neza bifasha abandi kuronka ingurane.

Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura atera akamo abarundi baja kwiga mu bindi bihugu, kugaruka mu gihugu kugira bafashe mw’iterambere nk’uko vyakozwe n’abarongoye Kazoza Finance.

Umwe mu bakorana na Kazoza Finace arashima ibikorwa vya Kazoza Finance na cane cane mu bijanye n’ingene abakozi babo bakira ababitura.

JPEG - 58.1 ko
Stephanie NIKWIBITANGA akorana na Kazoza Finance

Stephanie NIKWIBITANGA ati:«Muri Kazoza Microfinance nta mukuru ahari, ubituye uwo uhasanze wese aragufasha mu vyo umusavye, kandi nta gitsure kiba ku babitura, Kazoza Finance iratahura abanywanyi bayo

Stephanie NIKWIBITANGA ahamagarira abataraja muri Kazoza Finance kuyinjiramwo, kuko ivyiza vya Kazoza Finance bikibandanya.

Mu myaka itanu imaze ikorera mu Burundi, Kazoza Finance ikorera mu ntara zine:

1. Bujumbura MairieKinindo.
2.Bubanza
3.Muramvya


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.