IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kamenge : Abantu batanu bakomerekejwe na gerenade yatewe

Kamenge : Abantu batanu bakomerekejwe na gerenade yatewe

mercredi 26 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bataramenyekana bateye gerenade mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ku modoka y’umushingwamanza Marc. Ubwo bugizi bwa nabi bwabereye mu gisagara ca Bujumbura, muri zone ya Kamenge, muri karitiye ya Heha, nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu.

Uwo mushingwamanza yatewe gerenade yakomeretse bikomeye, hamwe n’abandi bantu bane bari kumwe nawe mu modoka.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza abateye iyo gerenade bariko biyunguruza kw’ipikipiki.

Abo bakomeretse bose baciye bajanwa kwa muganga, mu giporisi bakavuga ko amatohoza yamaze gutangura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.