IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi izokwibuka imyaka 23 iheze abanyeshure bagandaguwe

Kaminuza y’Uburundi izokwibuka imyaka 23 iheze abanyeshure bagandaguwe

mercredi 6 juin 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’icegera c’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Rosalie BIKORINDAGARA, ico gikorwa kizoba mu ntumbero yo kwibuka abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, bishwe mw’ijoro ryo kuwa 11 rishira uwa 12 Ruheshi 1993.

Muri iryo tangazo, icegera c’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, amenyesha ko ivyo birori bizotangurwa n’inkuka y’imisa izoba isaha umunani n’igice mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi ziri ku Mutanga, biherezwe no gushira ingori z’amashurwe mu kibanza citiriwe ubumwe, mu bigo vyo ku Mutanga.

Umurundi azwi kw’izina rya NKURUNZIZA Clément yahora aba mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, akaba ari mu minwe y’ubutungane, yagirizwa ko yoba yaragize uruhara muri ubwo bwicanyi bw’abanyeshuri muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.