IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi: Umuntu umwe yishwe yagirizwa ubusuma bwo mu mirima

Karusi: Umuntu umwe yishwe yagirizwa ubusuma bwo mu mirima

vendredi 6 Nzero 2017

Umugabo azwi kw’izina rya Salvator Kabunisha yaritavye Imana bivuye ku bikomere yakuye ku nkoni yakubiswe n’ababanyi biwe yagirizwa ubusuma bwo mu murima.

Nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’umutumba,Salvator Kabunisha yari asanzwe aba ku mutumba wa Muhweza, Komine ya Buhiga,intara ya Makamba yishwe n’ababanyi bamwagiriza ubusuma bw’ibiterwa mu mirima.

Musitanteri wa Komine Buhiga asaba abanyagihugu kureka kwihanira,akabasaba kandi kwitura ubutungane mu gihe cose hari uwo bafashe canke biketse.

Salvator Kabunisha abaye umuntu wa gatatu yishwe mu ntara ya Karusi,mu kiringo c’uukwezi kumwe gusa.


IGIHE

Messages

  • EMWE BURYA UWO NUMWE ABANDI BARI MUNYUMA BURYA NTIMUBONA KO INZARA IZURA INZARA MU NTARA YA KARUSI.KUMVO Z’URUZUBA RWATSE CANE NONE UBU ATACO DUFISE TUGABURIRA IMIRYANGO. TURAGOWE IKIRO C IBIHARAGE NGO NI 1800FBU IKIRO C’IFU Y’UBUDUDU 1200FBU NIBINDI IKIVUMVU C’IBIJUMBU 8.000FBU. EMWE N’ABANDI BAZOHAGWA. SEBARUNDI N’ABAFASHA NIBATUGARUKIREKO.

  • NABANDI BAFUYE BAKIRIKO URAZI INZARA IRI MUBURUNDI!

  • KWIHANIRA SIVYIZA KUKO BAZOMARANA KUKO ABASUMA NTIBAHEZE

  • Nababe bareka kwihanira naho atabutungane bukiriho! umusuma womumurima sicokimwe nuwomunzu kuko uwuteye munzu bishobotse wamwitanze murahezanya kuko abayaje azi yuko asiga akuryamitse hasi. Ariko uwomumurima niwakawayida abatumwe ninzara, wamubonye mukange yiruke kandi ntazogaruka, jewe mumisi iheze nararimye amashu harya atanguye kwera nasanga bacase 10 nafashe ingingo yokurarira, bidatevye yaraje mumasaha yasasita zijoro, atangura gukora icamuzanye ndamureka, aheje kwikorera kumutwe, natoye amabuye abiri, namuteye rimwe mumugongo nuguca ata ryagunira yikoreye, nukwiruka, iyirukanyiwe mwiryo joro ryatwengeje yagenda arasekana nibiti, kandi ntiyagarutse mundimo yanje, kumweca vyarigushoboka kuko nari nipanze bikwiye. inzara iriho unomusi, mupunguze ishavu naho kurima bibabaza, ntidusheke twihutire gukubita ubuhiri mumutwe.

  • None rero ngo inzara yakabaye duce tuza kwiba?mbe urya yavyirimiye ntamuryango afise wo kugaburira?sinshigikiye kwica ariko umusuma uwriwe wese akwiye guhanwa kuko numwansi witerambere.

  • Commune buhiga ,umutumba muhweza so muntara yamakamba.nivyiza gutanga amakuru atohojwe neza.niryozona Kabunishi niryumvikana kiryo muburundi hagati.

  • kwihaniranikosa bategerezwa kumushikana mubutegetsi ahobazomarana,

  • Nivyiza kugabanya abanebwe ahokwiba wosaba kandi ngo ntawasavye bakubite amaboko

  • none abo bamwishae babafash?hoho yob yahor yib? murabanza mutohoz nez.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.