IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Karusi : Umwigisha yahagaritswe n’igiporisi kirwanya igiturire

Karusi : Umwigisha yahagaritswe n’igiporisi kirwanya igiturire

mardi 16 janvier 2018

Uwo mwigisha azwi kw’izina rya Josephat MANIRAKIZA yahagaritswe n’igiporisi kijewe kurwanya igiturire, mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere, yagirizwa kuba aho yahora ari umuyobozi w’ishuri yaretse umwigisha aguma ahembwa imishahara ibiri.

Amakuru ava aho i Bugenyuzi, amenyesha ko Josephat MANIRAKIZA yafashwe inyuma y’umunsi wose ariko araronderwa.

Josephat MANIRAKIZA yagiye kwigisha kw’ishure nshingiro rya Tambi-Kabande,inyuma yo gukurwa mu mabanga y’ubuyobozi bw’ishuri rya Komine ry’i Kanazi, aho mu ntara ya Karusi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.