IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Karuzi : Umugabo yagirizwa urupfu rw’umugore wiwe

Karuzi : Umugabo yagirizwa urupfu rw’umugore wiwe

mardi 15 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukenyezi umwe yarishwe kuri uwu w’Imana, ku musozi Gasenyi, muri komine Gihogazi, mu ntara ya Karuzi. Uwamwishe yamutemesheje umupanga.

Abajejwe intwaro muri iyo komine Gihogazi bamenyesha ko uwagirizwa ubwo bwicanyi ari umugabo w’uwo mugore, uwo nawe akaba yamaze gutabwa muri yompi ku mvo z’amatohoza. Apfungiwe mu gasho ka komine Gihogazi.

Ababanyi b’uwo yagandaguwe bavuga ko uwo mugabo yahora ahiga ko azokwica uwo mugore wiwe, bakaba kandi batari babanye neza.

Uwundi mugore umwe yarishwe kandi ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, muri zone ya Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Nawe nyene yishwe n’umugabo wiwe yamukubise agafuni ko mu mutwe, aca yitaba Imana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.