IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kayanza : Imiriyoni zirenga 8 zibwe mw’ishirahamwe ryo kuziganya (...)

Kayanza : Imiriyoni zirenga 8 zibwe mw’ishirahamwe ryo kuziganya UCODE

vendredi 6 avril 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko ayo mafaranga yibwe angana n’imiriyoni umunani n’ibihumbi ijana na mirongo ibiri n’indwi y’amarundi (8127000 fbu).

Ayo makuru, amenyesha ko abo bantu bataramenyekana bivye aho kuri UCODE, ku mutumba Muhanga nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, baca biba kandi imashini nyabwonko imwe hamwe na terefone ngendanwa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko abantu batatu harimwo n’umunyabigega wa UCODE aho i Muhanga, bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.