IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Babiri bafatanywe ubutare bwa cassiterite na Coltan

Kirundo: Babiri bafatanywe ubutare bwa cassiterite na Coltan

vendredi 24 Ntwarante 2017

Abasore babiri bo mu ntara ya Ngozi bari mu minwe y’igipolisi mu ntara ya Kirundo, kuva ejo igenekerezo rya 23 Ntwarante,umwaka wa 2017, inyuma yo gufatanwa ibiro birenga 100 vy’ubutare.

Amakuru ava mu gipolisi c’Uburundi amenyesha ko abo basore ari MUGISHA Thierry anyonga imodoka na CITERETSE Desire bose bavuka mu ntara ya Ngozi bakaba batanywe , ibiro 119 vy’ubutare bwa cassiterite hamwe n’ibiro 56,5 vya coltan.

Thierry na Desire baremera ko ubwo butare ari ubwabo, bakavuga ko bariko bagerageza kubujabukana mu gihugu c’Urwanda.

Abo basore babiri bakaba baciye bashikirizwa ubutungane mu ntara ya Kirundo, kugira hacirwe urubanza vyihuta kuko bafatanywe itonga.


IGIHE

Messages

  • Murarabamuceinkoni izambakukobarikobahiga ubuzimantakindiataricogusauworonderarutaumusumakobarikobarataratazanimurabemubagirireikigogwemuzabamukoze

  • muraraba mubacire inkoni ngufi bariko barahiga ubuzima bwubu ntimuzi ko buzimvye

  • Ivyo vyose bitumwa nukuntu igihugu kidatunganijwe neza. Kuko iyo itonga ritanguye gufatanwa umunyagihugu mukurondera ico arya, harya igihugu kiba gifise ibibazo. Turabasavye mwabantu mwiyita abategetsi, mureke izo nda ndende zanyu mukure igihugu aho kigeze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.