Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Ikiziga c’umugabo catowe ku kiyaga Cohoha
Kirundo: Ikiziga c’umugabo catowe ku kiyaga Cohoha
lundi 11 Nyakanga 2017
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko ikiziga ca BAYAGANAKANDI Alexis catowe ku mutumba Murambi, Komine Busoni ,intara ya Kirundo nk’igihe c’isaha zitatu mu gatondo ko kuw’Imana.
Inyuma y’aho igiporisi cishikiye ahatowe ico kiziga,amakuru amenyesha ko uwo yitavye Imana yoba yatwawe n’uruzi, imbere yuko yitaba Imana.
MUGISHA Van Naris