IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Kirundo : Umwana yaturiwe ibiganza n’umuvyeyi wiwe

Kirundo : Umwana yaturiwe ibiganza n’umuvyeyi wiwe

samedi 22 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu runani rw’amashirahamwe yiyemeje guharanira ineza y’abana (FENADEB : Fédération Nationale pour la Défense des Droits des Enfants au Burundi) basaba abajejwe intwaro hamwe n’ubutungane, ko bokorera hamwe, bagashira kandi inguvu hamwe kugira batuze ingeso imaze iminsi yibonekeza y’abavyeyi bahohotera abana babo.

Ishirahamwe FENADEB ribishikirije inyuma y’ayo mu ntara ya Kirundo hari umuvyeyi aturiye ibiganza vy’umwana wiwe, amwagiriza ko yihaye indya mu nkono.

Imbere y’aho gato, Pascasie Ncutinamagara, umwana w’umwigeme w’imyaka 13 yishwe n’inkoni yakubiswe na se amuvyara, amuhoye ko yariko amwishuza amafaranga yari amufitiye agera ku bihumbi bitatu n’amajana atanu y’amarundi.

Mw’ishirahamwe FENADEB bavuga ko hafi abana cumi aribo bamaze guhohoterwa n’abavyeyi babo muri aya mezi ane y’umwaka w’2017, iryo shirahamwe rigasaba ko abajejwe intwaro n’ubutungane bohagurukira ico kibazo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.