IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > SOJPAE rirajwe ishinga n’impapuro z’abaganga zidasa kuvya mfurambi vyakorewe (...)

SOJPAE rirajwe ishinga n’impapuro z’abaganga zidasa kuvya mfurambi vyakorewe umwana

vendredi 12 Kigarama 2014

Ishirahamwe SOJPAE riharanira agateka k’abana rirajwe ishinga n’irerukurwa ry’umugabo yagirizwa kuba yafashe ku nguvu umwaka w’umukobwa. Risaba urwego rw’igihugu rw’abaganga kuraba mu nyandiko zatanzwe n’abaganga uwatanze icegeranyo c’ukuri ku bipimo vy’uko umwana yakorewe ivya mfurambi.

JPEG - 1.8 Mo
Jacques Nshimirimana arongoye SOJPAE

ISHIMWE Ornella w’imyaka 8 aba mu Nyakabiga bivugwa ko yakorewe ivya mfurambi n’umugabo w’imyaka 30 w’umubanyi wabo. Agifatwa, abavyeyi biwe bamutwaye mu kigo SERUKA hamwe no mu bitaro vya Reta « Hôpital Roi Khared » mu Kamenge. Inyandiko zatanzwe n’abaganga zemeje ko ISHIMWE Ornella yakorewe ivya mfurambi. Uwo yagirizwa icaha agifatwa yatwawe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Nta minsi yamaze mu munyororo kuko umuganga yigenga MASUHA M.Kasai Thomas afise inzu y’ubuvuzi iri mu BWIZA, yatanze icegeranyo gitandukanye na bimwe bibiri, wewe yemeza ko umwana atashurashujwe.

Ishirahamwe SOJPAE rivuga ko amakenga yaryo afatiye ku bintu bikurikira :

1. Umwana agiheza gufatwa ku nguvu, nyina wiwe yamutwaye mu kigo Seruka, aho baratanze urwandiko rwemeza ko Ornella yakorewe ivya mfurambi. Umucamanza yaciye asaba uwo muvyeyi ko yoja mu bitaro vya Reta kugira bemeze canke bahakane ko yakorewe ivya mfurambi . Uwo muvyeyi yahavuye ajana umwana ku bitaro vya Reta “Hôpital Roi Khared”, umuganga yamupimye yemeje ko uwo nyene yagiriwe ivyamfura mbi kabiri kose. Uwo mucamanza amaze kubona urwandiko rwo muri Roi Khaled, yasavye nyina w’umwana kumujana ku muganga yigenga Dr MASUHA M.Kasai Thomas afise inzu y’ubuvuzi yigenga mu Bwiza. Uwo nawe yatanze urwandiko rwemeza ko umwana atigeze afatwa ku nguvu namba. Uwo mucamanza afatiye kuri urwo rwandiko, yaciye yihutira gusaba ko uwo mugabo yagirizwa gukorera icaha yorekurwa. Uwo rero gushika ubu aridegemvya kandi aguma atera ubwoba uwo mwana narirya ari umubanyi wiwe.

JPEG - 2 Mo
Urwandiko rwa muganga rwemeza ko umwana yakorewe ivya mfura mbi

2. SOJPAE ribandanya rivuga ko uwo mugabo akiri mw’ibohero yabwiye nyina w’umwana n’amajambo y’iterabwoba ko azorekurwa vuba kubera urwandiko rumukurako icaha rwatanzwe na Dr MASUHA M.Kasai Thomas. Uwo mugabo amaze kurekurwa, SOJPAE yararonse amakuru avuga ko uwo mugabo yagurishije ikibanza ciwe imiriyoni 8, yoba yaciye atanga igiturire maze akarekurwa.

JPEG - 2.3 Mo
Urundi rwandiko rwa muganga rwemeza ko umwana yakorewe ivya mfura mbi

Amakenga ya SOJPAE ahagaze ku rwandiko rwatanzwe na Dr MASUHA M.Kasai Thomas, kandi hari izindi nyandiko 2 zemeza ko umwana yakorewe ivya mfurambi. Iryo shirahamwe risaba urwego rw’igihugu rw’abaganga ko bofasha gushira umuco kuri izo nyandiko zitatu, basanze uwo yatanze urwandiko rwisa yohanwa n’amategeko, kandi ishirahamwe ritegekanya kuzokwitwarira uwo muganga mu gihe vyokwemezwa ko yatanze urwandiko rw’amanyanga.

JPEG - 2.1 Mo
Urwandiko ruhakana ko atakorewe ivya mfura mbi

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.