IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > SOJPAE: Abavyeyi baragaba urudandazwa rw’abana ruriyongera mu bihe (...)

SOJPAE: Abavyeyi baragaba urudandazwa rw’abana ruriyongera mu bihe vy’amatora

jeudi 12 Ntwarante 2015, par IGIHE

Urudandazwa rw’abana si agaseseshwarumuri hano mu Burundi rwaramyeho, ariko rero iyo hageze mu bihe vy’imbere y ‘amatora no mu matora nyezina ruca rwiyongera rwose nk’uko bivugwa nabo mw’ishirahamwe SOJPAE ryitaho agateka k’abana.

Ishirahamwe SOGPAE riratabaza abavyeyi, kugaba kuko iyo ngendo yabaye ndanse mu gihugu, batakambira abavyeyi bose kumera magabo kugira ntihagire umwana asubira kugirishwa nk’uko babishikiriza mw’itangazo basohoye ryatewe ko igikumu na Jacques Nshimirimana, umuyobozi w’iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu.

Mu bishingantahe vyatanzwe n’abanyeshure ku mashure ya hano mu gisagara ca Bujumbura, abasanzwe bakora urwo rudandazwa rw’abana , muri SOGPAE bavuga ko baca cane cane ku bagenzi babo bana nyene, iyo ari umwigeme usanga yabaye umugenzi mpfapfe w’uwo mwana, haheze igihe agatangura kumutumira muri vya birori vyo kwigina isabukuru y’amavuko, canke mu bindi birori usanga vyateguriwe mu mazu. Mu gihe rero baba bariko basangira agafanta, baca babashiriramwo ibiyayuramutwe , mu gihe rero ataye ubwenge bagaca bamutwara mu cumba. Ni muri ico gihe baca bamushurashuza.

Iyo rero agize arikangura, baca batangura kumutera ubwoba ko bamwica mu gihe yoramuka abwibwiye umuntu n’umwe wo mu muryango. Be nabo bana rero baca bahitamwo kunuma. Iyo bavuye ku mashure canke mu minsi y’akaruhuko ,baca bakoreshwa muri ivyo bintu nyene kuko akenshi hariho n’ amazu asanzwe abigenewe ata kindi akora, atari kwakira utwo twigeme. Abo bana kandi usanga bagurishwa mu bihugu vyo hanze ibihimba ugasanga bajanwa mu bushurashuzi .

SOJPAE isaba abo bose bakunda igihugu guhaguruka kugira barwanye urwo rudandazwa rw’abana. Zimwe mu ngaruka z’urwo rudandazwa hamwe na bamwe mu nzego usanga bari muri urwo rudandazwa n’ibihugu rukorerwamwo, hamwe n’ico iryo shirahamwe risaba inzego zakino gihugu akaba akaba ari mu makuru yacu yo hanyuma.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.