IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ku rugo rwa Petero Karaveri MBONIMPA hatewe gerenade

Ku rugo rwa Petero Karaveri MBONIMPA hatewe gerenade

mercredi 14 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ku rugo rwa Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH hatewe gerenade mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, ikaba yakomerekeje umuntu umwe yari mu bunywero buri kuri urwo rugo ruri muri karitiye ya Carama, zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zibiri zibura iminota icumi, mu bunywero buri ku rugo rwa Petero Karaveri MBONIMPA, umukuru w’ishirahamwe APRODH asanzwe ari mu buhungiro mu gihugu c’Ububirigi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo gerenade yakomerekeje umupfasoni wa Colonel HABARUGIRA Jean Luc yari asanzwe ari muri ubwo bunywero, ari kumwe n’iyo ntwazangabo mu gisirikare c’Uburundi.

Mu gihe Colonel Jean Luc HABARUGIRA yari agiye kuriha ivyo bihereje (Facture), niho iyo gerenade yaterwa mu kibanza yari yicayemwo, ikomeretsa umupfasoni wiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.