IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > LIGUE ITEKA : Abantu bane bishwe mu ndwi imwe, babiri basinzikarizwa (...)

LIGUE ITEKA : Abantu bane bishwe mu ndwi imwe, babiri basinzikarizwa ubuzima

mercredi 25 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bane nibo bamenyekanye ko bishwe, nayo abandi babiri basinzikarizwa ubuzima, aho ni mu gihe kandi abandi babiri baburiwe irengero nk’uko biri mu cegeranyo ca LIGUE ITEKA gisohoka rimwe mu ndwi. Muri ico cegeranyo nyene, abagera kuri 12 barahagaritswe hatubahirijwe amategeko, nk’uko iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ribimenyesha.

Ishirahamwe LIGUE ITEKA rivuga ko abagirirwa nabi ari abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, ivyo bikorwa bikagirizwa abajejwe intwaro, abajewe umutekano, abakozi b’igendereza hamwe n’Imbonerakure (urwaruka rukukira umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.)

Muri LIGUE ITEKA basaba Reta ko yokwubahiriza umutekano w’abarundi bose ata kuvangura, abantu bose bahabwe umwidegemvyo ku rugero rumwe.


IGIHE

Messages

  • Ligue Mahama..... Impungure.com. Iyo ligue y’inkoramaraso ngo ni Iteka nigende rwosseee...ininyoma gusa

  • Erega Mwebwe Muritwenga None Wibaza Ko Hari Abacumviriza Ivyanyu Ko Vyishi Ari Ibinyomagusa. Abo Bishwe Nibande Bavuka He? Imiryango Yabo Niyihe. Muraraba Mugabanye Ako Karimi Kokubesha Bizobafasha, Kuko Ivyanyu Bimaze Kumenya Beshi.

  • Iyo ligue Iteka twubaha nibe ishirako amazina n’aho abo bantu bavurwa bava kugira ngo ababazi bace bamenya ko atari ibinyoma.
    Nayo ahandi ho hari abibaza ko bishoboka ko ari ivyo bikuriye mu mutwe ivyo bitigiri!

  • none uwishwe n abagizi banabi,bavuga ngo n abatavuga rumwe na reta?Abo nibo bakunzi binda bagomba ubutegetsi batari bubishobore,inda nizozabataye ,ubukunz bw inda butuma bahung ambhoro ,bagenda kubesha ngo m uburundi har intambara,huu!watakomaje?

  • Iyi mbona ari Ligue Semuhanuka. Kuko kubinyoma barusha ibuka yo mu Rwanda imwe icuruza uduhanga twabahutu kagame yagandaguye ...

  • Ligue-ITEKA, Nturashima kuburyo mukora ijoro numurango mukushira ahabona ibiriko birabera haniwacu, ico twobasaba nuko mwokwongereza igitigiri cabantu batohoza ibikorwa mugihugu, kuko abatotezwa nibeshi basumba abo mwatangaje.Turifuza yuko, kubucimbiri, kumitumba, kumazone, kumakomine, komwoshiraho, ama anteni atohoza kumusi kumusi kumabi abarundi bariko barakorerwa, Murakoze.

  • Namahondiyumviko Burya Umurundintakwiyekugirakumohe

  • Mubatuma Kutanguza Intambara Bayibazimirijeko Ico Mbafasha Nkuija Kwi Sunzu Nyinzu Ngo Hafuye Aba Nimureke Kwica Abana Burundi Kubasunikira Mntambara Mutazocinda Nimuje Imbere Muwote Mreke Umunwaaaaaa

  • Abantu barapfa nta rementanya ririmwo. Ahubwo Ligue n’ize iradomako ahabereye ivyo bibi kugirango abenegihugu babibone imbonankubone.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.