IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Liberiya : Ellen Johnson Sirleaf yahawe agashimwe kitiriwe Mo Ibrahim (...)

Liberiya : Ellen Johnson Sirleaf yahawe agashimwe kitiriwe Mo Ibrahim 2017

lundi 12 février 2018

Ako gashimwe gahabwa umukuru w’igihugu wo ku mugabane wa Afrika yarongoye neza igihugu ciwe, gatangwa n’umutunzi w’umunyasudani Mo Ibrahim, kigahabwa umukuru w’igihugu aja ku butegetsi atowe n’abanyagihugu akavaho ku gushaka, mu ntumbero yo gukangurira abarongozi kuva ku butegetsi neza.

Sirleaf, yatwaye igihugu ca Liberiya ibiringo bibiri kuva mu mwaka 2006 gushika mu mwaka wa 2017. Ni uwa gatanu mu bamaze gutwara ako gashimwe, gahabwa kandi abakuru b’ibihugu batwaye bagateza imbere ibihugu vyabo, bagashigikira intwaro rusangi n’agateka ka zina muntu nyungu z’igihugu cose, bagaharanira kandi iterambere rirama.

Uwurongoye umurwi utanga ako gashimwe , Dr Salim Ahmed Salim, yavuze ko Sirleaf yagiye ku butegetsi igihugu ciwe carasambuwe n’intambara, akarongora urugendo rwo gusubiza hamwe mu ntumbero yo kwubaka igihugu n’intwaro rusangi.

Ellen Johnson Sirleaf yiyongereye ku bandi baronse ako gashimwe, harimwo ; Hifikepunye Pohamba yarongoye Namibiya mu mwaka wa 2014, Pedro Pires wa Capo Verde mu mwaka wa 2011, Festus Mogae wa Botswana mu mwaka wa 2008, Joaquim Chissano wa Mozambique mu mwaka wa 2007 na Nelson Mandela, yahawe agashimwe k’icubahiro mu mwaka wa 2007.

Ako gashimwe gafise agaciro k’imiriyoni zitanu z’amadorare y’abanyamerika atangwa mu myaka 10, hakiyongeraho n’ibindi bihumbi 200 vy’amadorare ahabwa uwahawe ako gashimwe ku mwaka ku mwaka, gushika yitavye Imana, agahabwa kandi ibindi ibihumbi 200 vy’amadorare ku mwaka ku mwaka yo gukoresha mu bikorwa bifitiye akamaro abanyagihugu muri rusangi.

Mu ncuro 11 kamaze gutegurwa, ku ncuro zitandatu zose habuze uwogahabwa mu bakuru b’ibihugu barongoye neza ibihugu bakubahiriza intwaro rusangi, bagatanga ubutegetsi mu mahoro. Mu myaka ya 2009, 2010, 2012, 2013, 2015 na 2016 ntikigeze gatangwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.