Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des champions:FC Barcelone yanganije na Chelsea ku gitsindo ca mbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des champions:FC Barcelone yanganije na Chelsea ku gitsindo ca mbere (...)

Ligue des champions:FC Barcelone yanganije na Chelsea ku gitsindo ca mbere Lionel Messi yinjije Chelsea

mercredi 21 février 2018

Urukino rwari rurindiriwe cane n’abakunzi b’umupira w’amaguru rwahuje umurwi wa FC Barcelone wo mu gihugu ca Espagne, hamwe n’umurwi wa Chelsea wo mu gihugu c’Ubwongereza.

Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga Stamford Bridge ca Chelsea, ku mu ntango z’urukino, umurwi FC Barcelone wagumye wiharije urukino, gushika aho wagumana umupira gushika ku bice 70 kw’ijana, kuri 30 kw’ijana vya Chelsea.

Naho umurwi wa FC Barcelone waranzwe n’ibihe vyiza ku murwi wa FC Barcelone, umukinyi Willian w’umurwi wa Chelsea yarateye mw’igori rya FC Barcelone umupira ugarurwa n’igiti c’igori ku ncuro zibiri zose, naho ata gitsindo cinjiye, igice ca mbere c’urukino caheze imirwi yose inganya ubusa ku bundi.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi FC Barcelone waje ufise inguvu nk’izo mu gice ca mbere, ariko ku munota wa 62 w’urukino umukinyi Willian yahakije kwinjiza ibitsindo bibiri mu gice ca mbere, yahavuye yinjiza igitsindo ku mupira wakinywe uvuye mu nfuruka.

Umunezero w’umurwi Chelsea ntiwamaze umwanya munini, kuko ku munota wa 75, umusatirizi wa FC Barcelone Lionel Messi yahavuye yinjiza igitsindo ciza, ku mupira yari ahawe na mugenzi we Andres Iniesta kw’ikosa ryari rikozwe n’abakinyi b’inyuma ba Chelsea.

Urukino rwarangiye imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi, ibishobora guha amahirwe umurwi FC Barcelone, mu gihe bo baronse ico gitsindo bariko bakinira ku kibuga co hanze.

Igitsindo c’umukinyi Lionel Messi kibaye igitsindo ciwe ca mbere atsinze umurwi wa Chelsea.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.