Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Londres: Amakaseti ariko indirimbo za Bob Marley yatowe inyuma y’imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Londres: Amakaseti ariko indirimbo za Bob Marley yatowe inyuma y’imyaka (...)

Londres: Amakaseti ariko indirimbo za Bob Marley yatowe inyuma y’imyaka 40

mardi 7 Ruhuhuma 2017

Inyuma y’imyaka 40, amakasete ariko indirimbo zo mu mudiho wa Reggae z’umuririmvyi Bob Marley yatowe agikomeye mu cumba gikanye co mu kuzimu kw’ihoteri yo mu gisagara ca Londres,mu gihugu c’Ubwongereza.

Ayo makasete arimwo indirimbo No Woman No Cry, Jamming na Exodus nay’ukuri, yafashwe igihe umuririmvyi Bob Marley yari yakoresheje ibiteramo mu bisagara vya Londres na Paris mu mwaka w’1974 no mu mwaka w’1978.

Amakuru dukesha iradiyo BBC y’abngereza amenyesha ko ata muntu yokwiyumviriye ko zotowe zigikomeye kubera amazi yari muri ico kibanza gikanye yatwemwo.

Ayo makasete yatowe mw’ ihoteri ishaje i Kensal Rise, mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Londres, aho Bob Marley n’umurwi Wailers bashikiye igihe bavuza mu bisagara bitandukanye vya Buraya mu myaka y’1970.

Bob Marley yitavye Imana mu mwaka w’1981.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.