IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Batatu bahagaritswe bikekwa gukora urudandazwa rw’abantu

Makamba : Batatu bahagaritswe bikekwa gukora urudandazwa rw’abantu

mardi 13 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’itororokanirizo ry’amakuru ABP, amenyesha ko abo batatu bagirizwa kuba bariko bagerageza kujabukana abakobwa batanu, kugira bajanwe mu bihugu vy’abarabu.

Ayo makuru nyene amenyesha ko baba abo batatu bagirizwa urwo rudandazwa, bari kumwe n’abo bakobwa batanu bagomba kujabukana, bari mu minwe y’igiporisi muri komine Mabanda, ku mvo z’amatohoza.

Icegeranyo c’ishirahamwe ONLCT où est ton frère, co mu mwaka wa 2017, cerekanye ko abagore n’abigeme bagera ku 527 aribo badandajwe mu bihugu bitandukanye mu rudandazwa rw’abantu rwakozwe mu Burundi mu mwaka w’2017.

Abo bagore n’abigeme badandajwe mu bihugu vya Oman, Arabie Saoudite, Koweit hamwe na Liban, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ONLCT.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.