Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Batatu bahagaritswe bikekwa gukora urudandazwa rw’abantu
Makamba : Batatu bahagaritswe bikekwa gukora urudandazwa rw’abantu
mardi 13 mars 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’itororokanirizo ry’amakuru ABP, amenyesha ko abo batatu bagirizwa kuba bariko bagerageza kujabukana abakobwa batanu, kugira bajanwe mu bihugu vy’abarabu.
Ayo makuru nyene amenyesha ko baba abo batatu bagirizwa urwo rudandazwa, bari kumwe n’abo bakobwa batanu bagomba kujabukana, bari mu minwe y’igiporisi muri komine Mabanda, ku mvo z’amatohoza.
Icegeranyo c’ishirahamwe ONLCT où est ton frère, co mu mwaka wa 2017, cerekanye ko abagore n’abigeme bagera ku 527 aribo badandajwe mu bihugu bitandukanye mu rudandazwa rw’abantu rwakozwe mu Burundi mu mwaka w’2017.
Abo bagore n’abigeme badandajwe mu bihugu vya Oman, Arabie Saoudite, Koweit hamwe na Liban, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe ONLCT.
MUGISHA Van Naris
Messages
14 mars 2018, 20:35, par Siméon Ndayirukiye
Nabo bakobwa ntibumva,ivyo bihugu bibaguze bibakuramwo amafyigo,imitima,amaraso n’ibindi bakabishira mubiwabo babikeye mbe basha abarundi bazotahura ryari ?