IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba-Rumonge : Impunzi zirenga 5000 nizo zimaze kwakirwa

Makamba-Rumonge : Impunzi zirenga 5000 nizo zimaze kwakirwa

vendredi 26 janvier 2018

Amakuru dusanga ku rubiga rwa Twitter rw’ubushikiranganji bw’umuteka amenyesha ko impunzi 3952 zashikiye I Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba, mu gihe abasigaye bashikiye mu ntara ya Rumonge.

Gushika ku mugoroba wo kur’uyu wa kane, igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko impunzi zabandanya gushika muri izo ntara.

Abo bahunga bagizwe n’abarundi n’abava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bavuga ko bahunze intambara ziriko zibera mu buseruko bw’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, zihuza abasirikare b’igihugu hamwe n’abarwanyi b’umurwi Mayi Mayi.

Abajejwe intwaro mu ntara za Rumonge na Makamba, bamenyesha ko bariko barakorana n’abajejwe igisata c’impunzi, kugira abarundi bajanwe iyo bava, abava mu gihugu ca Kongo nabo bajanwe mu makambi y’impunzi ashobora kubakira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.