Home > Amakuru > Martin NIVYABANDI: “Umusi wahariwe amahoro ushitse amahoro atsimbataye mu (...)
Martin NIVYABANDI: “Umusi wahariwe amahoro ushitse amahoro atsimbataye mu gihugu cose”
Thursday 20 September 2018, by
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kane igenekerezo rya 20 Nyakanga umwaka wa 2018,Martin NIVYABANDI yamenysheje ko uyo musi mukuru ushitse igihugu c’Uburundi kiriko cifadikanya n’ibindi bihugu mu kugarukana amahoro kw’isi aho yahungabanye.
Martin NIVYABANDI yavuze ko uyo musi mukuru ushitse kandi urumuri rw’amahoro ruheruka guca mu ntara zose z’igihugu mu mutekano ntangere.
Uyo mushikiranganji yavuze ko ahatari amahoro ata terambere rihaba .
Umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro washizweho n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’i 1981 mu ngingo yayo ya 36/37,ukama uhimbazwa buri mwaka igenekerezo rya 21 Nyakanga .
Uyu mwaka wa 2018 mu Burundi ukazohimbazwa ku civugo kivuga giti:“Dutsimbataze amahoro soko ry’agateka ka zina muntu n’iterambere rirama.”
Vianney BIKORIMANA