IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Martin NIVYABANDI: “Umusi wahariwe amahoro ushitse amahoro atsimbataye mu (...)

Martin NIVYABANDI: “Umusi wahariwe amahoro ushitse amahoro atsimbataye mu gihugu cose”

Thursday 20 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kane igenekerezo rya 20 Nyakanga umwaka wa 2018,Martin NIVYABANDI yamenysheje ko uyo musi mukuru ushitse igihugu c’Uburundi kiriko cifadikanya n’ibindi bihugu mu kugarukana amahoro kw’isi aho yahungabanye.

Martin NIVYABANDI yavuze ko uyo musi mukuru ushitse kandi urumuri rw’amahoro ruheruka guca mu ntara zose z’igihugu mu mutekano ntangere.

Uyo mushikiranganji yavuze ko ahatari amahoro ata terambere rihaba .

Umusi mpuzamakungu wahariwe amahoro washizweho n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’i 1981 mu ngingo yayo ya 36/37,ukama uhimbazwa buri mwaka igenekerezo rya 21 Nyakanga .

Uyu mwaka wa 2018 mu Burundi ukazohimbazwa ku civugo kivuga giti:“Dutsimbataze amahoro soko ry’agateka ka zina muntu n’iterambere rirama.”


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.