Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mexique : Abantu 29 bahitanwe n’impanuka y’umuriro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mexique : Abantu 29 bahitanwe n’impanuka y’umuriro

Mexique : Abantu 29 bahitanwe n’impanuka y’umuriro

mercredi 21 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu ca Mexique hadutse impanuka y’umuriro kuri uwu wa kabiri, yahitanye abantu 29 mw’isoko rinini risanzwe ridadarizwamwo imiriro yo guturitsa ku minsi mikuru.

Iryo sanganya ryahitanye abantu mirongo ibiri n’icenda bapfuye, abandi bashika kuri mirongo indwi barakomereka.

VOA ivuga ko ari isanganya ryabereye ahariko hagurishirizwa imiriro abanyagihugu basanzwe baturitsa ku minsi mikuru yo kurangiza umwaka.

Abajejwe gutabara amasanganya bamenyesha ko vyabaye ngombwa ko babanza kurindira amasaha atari make kugira bashobore gushikira abahitanywe n’iryo sanganya.

Abategetsi batangaje kandi ko uwo muriro waturiye imiduga itari mike hamwe n’inyubakwa ziri mu micungararo y’ahabereye iryo sanganya.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.