IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > Internet > Misiri: Umukuru w’igihugu yemeje itegeko rigenzura ibikorerwa ku mbuga (...)

Misiri: Umukuru w’igihugu yemeje itegeko rigenzura ibikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi

Monday 20 August 2018, by vianney

Iryo tegeko umukuru w’ico gihugu yateyeko umukono rizogwanya ivyaha bikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi vyose kandi mu gihe izo mbuga bibonetse ko zishobora gushira mu kaga umutekano canke ubutunzi bw’igihugu zishobora kugarwa.

Muriryo tegeko rishasha bitegekanywa ko umuntu wariwe wese yagiwe n’icaha co kuba ari nyene izo mbuga canke ari mu bazikoresha ashobora gufungwa canke agacibwa ihadabu.

Naho bamwe mu barongozi mu gihugu ca Misiri bashima iyemezwa ryiri tegeko ko rije mu gihe ciza co kugwanya iterabwoba no guhangana n’ikibazo c’umutekano muke,abaharanira agateka ka zina muntu murico gihugu bagiriza reta ya Misiri kugerageza kuzivya abatavugarumwe nayo.

Rimwe mu mashirahamwe aharanira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro ngaho muri Misiri ryamenyesheje ko imbere yuko iri tegeko rishirwaho, imbuga ngurukanabumenyi zirenga 500 zimaze gufungwa murico gihugu.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.