Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Kenya yitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Miss Kenya yitavye Imana

Miss Kenya yitavye Imana

mardi 31 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Umwigeme Mercy Mokeira yabaye Miss World Kenya muri Nyamira ahahoze ari intara ya Nyanza muri Kenya yitavye Imana mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’iminsi icumi yari amaze mu bitaro.

Miss Mercy Mokeira yari afise imyaka 23, ikinyamakuru Daily Nation kikaba catangaje ko yaguye mu bitaro vya North Kinangop Hospital, aho yari amaze indwi zibiri avurwa ingwara itaramenyekana.

JPEG - 75 ko
Miss Mercy Mokeira

Josphat Momanyi, umuvyeyi wa Miss Mercy Mokeira yagize ati : “Yatanguye atabaza avuga ko aribwa imitsi ariko ibipimo vya mbere ntaco vyerekanye ku burwayi yari afise. Inyuma twamukoreye ibindi bipimo, ariko yapfuye tutaramenya ico yari arwaye.”

Miss Mokeira yari mu banyeshure bariko bitegurira guhabwa impamyabushobozi muri Kenyatta University. Yari mu mwaka wa nyuma wa kaminuza, aho yiga mu gisata c’amategeko.

Mu mwaka uheze, Miss Mokeira yagizwe umunyamideri w’umwaka mu bagore [Female Model of the Year] mu bushimwe bwa Pwani Awards.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.