IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Abantu 26 banyoye ishano ryashizwe mu nzoga y’urwarwa

Muramvya : Abantu 26 banyoye ishano ryashizwe mu nzoga y’urwarwa

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu 26 bo ku musozi Kabuye mu ntara ya Muramvya bari ku musego kandi bararemvye, aho akaba ari inyuma y’aho banywereye inzoga y’urwarwa irimwo ishano, nk’uko mu giporisi babivuga.

Mu giporisi bavuga ko kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2017, abo bantu bari mu rubanza rw’uguca ku mazi ku muntu yari yaritavye Imana, umwe mu bari muri urwo rubanza, ariko ataramenyekana, aca ashira ishano mu nzoga y’urwarwa bariko barihereza.

Abagera kuri 26 nibo basinzikaye, bakaba bariko bavurirwa kw’ivuriro rya Gasura.

Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye.

Muri komine Rutegama, ku musozi Mushikamo, igiporisi kivuga ko cafashe kuri uwu wa kabiri, abantu babiri barima urumogi. Igiporisi kivuga ko abo bantu bashikirijwe ubutungane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.