IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Abanywanyi b’ishirahamwe PARCEM basabiwe gupfungwa imyaka (...)

Muramvya : Abanywanyi b’ishirahamwe PARCEM basabiwe gupfungwa imyaka 25

vendredi 5 janvier 2018

Mu mwambaro usa n’urwatsi rutoto w’abapfungwa, Emmanuel Nshimirimana, Constat Aimé Gatore na Marius Nizigama barengutse igihe c’isaha zitatu z’agatondo bari kumwe n’uwubunganira muvy’amategeko.

Sentare nkuru y’intara ya Muramvya yabagirije uko ari batatu, gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ariko bobo babihakanye, bavuga ko bahagaritswe mu gihe bariko bategura uruganda rwari guhuza urwaruka rwo mu migambwe itandukanye.

Naho batanze iyo nsiguro, icariho c’umushikirizamanza mu ntara ya Muramvya yabasabiye igihano co gupfungwa imyaka 25.

Bitegekanijwe ko urubanza ruzosomwa kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018.

Mwomenya urubanza rw’uno munsi rwumvirijwe mu gihe n’umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yari yarengukishijwe ngo atange umuco, kuri bimwe vyavugwa muri urwo rubanza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.